Amakuru
13 septembre 2023

Uburundi bukeneye ingingo zo kunagura ubutunzi kugira iduzwa ry’ibiciro rihagarare

Harakenewe imigambi yihutirwa yo kugarukira ubutunzi bw’Uburundi kugira abanyagihugu ntibabandanye bakorwako n’iduzwa vy’ibiciro vy’igitoro. Ni ko bibonwa n’uwurongoye ishirahamwe PARCEM ku rwego rw’igihugu, inyuma y’aho umushikiranganji w’Amasoko ntanganguvu atangaje ibiciro bishasha vy’igitoro. Faustin Ndikumana, umuhinga mu vy’ubutunzi, abona ko hamwe ata gikozwe, Abarundi bazobandanya basinzikazwa n’ubukene biturutse ku butunzi bw’igihugu bugeze aho umwansi ashaka.