Uburundi ngo bwararenze kw’itegeko ry’ishirahamwe mpuzamakugu ryitaho amagara y’abantu kw’isi OMS risaba igisata c’ubuvuzi kwagurwa hisunzwe ibibazo bitandukanye bifatiye ku ngorane z’abanyagihugu aho baherereye. Bivugwa na Come Konakuze, umwe mu bahinga bakurikiranira hafi ibijanye n’igisata c’ubuvuzi mu Burundi. Ni inyuma y’aho ubushikiranganji bw’Amagara y’abantu buhagaritse gutanga impusha z’abipfuza gukorera mu gisata c’amagara y’abantu harimwo kwugurura ibitaro vy’abikorera utwabo, ama pharmacies hamwe n’amashure yigisha ivy’ubuvuzi. Imvo zatanzwe ngo akaba ari uko ubushikiranganji bwipfuza gukingira igisata c’ubuvuzi, na cane cane mu kuronsa abanyagihugu ubuvuzi butagira akanenge. Come Konakuze abona nyabuna ko izo mpusha zari zikwiye gutangwa hisunzwe ibibazo bitandukanye abanyagihugu bafise mu bijanye n’igisata c’amagara y’abantu.
Amakuru
25 juillet 2024