Amakuru
12 avril 2023

Uburundi bugiye kuronka ingurane y’imiliyoni 261 z’amadolari kugira bunagure ibijanye n’ubutunzi

Ikigega mpuzamakungu FMI kigiye guha Uburundi ingurane ingana n’imiliyoni 261 z’amadolari. Mw’itangazo ico kigega casohoye ku munsi wa mbere, iyo ngurane izotangwa mu mezi 40 ngo ije gufasha kunagura ubutunzi bw’igihugu bwari bugeramiwe. Ingingo ishimisha ishirahamwe ryishinze gukangurira Abarundi guhindura ingendo, PARCEM. Faustin Ndikumana arirongoye, asaba leta gushira mu ngiro neza ibiri muri ayo masezerano bagiranye kugira igihugu gisubire kinagure ubutunzi.