Amakuru
20 mars 2023

Ubumwe bwa Afrika bwiyemeje gufasha Uburundi mw’igarukanwa ry’amahoro muri Congo

Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika rirashima umwitwarariko w’umukuru w’Igihugu Evariste Ndayishimiye mu kurondera inyishu ku bibazo vy’umutekano mu buseruko bw’igihugu ca Congo. Asozera urugendo rwiwe rw’iminsi itatu mu Burundi, umukuru w’Ubumwe bwa Afrika, Moussa Faki Mahamat, yariyemereye ko Ubumwe bwa Afrika buzoguma bushigikira ico gikorwa co kurondera amahoro. Akaba yaboneyeho no gukeza Uburundi mu bikorwa vyo kugarukana amahoro mu bihugu vya Afrika.