Amakuru
3 novembre 2022

Ubumenyi bwo mu mashure nta co bumariye igihugu, ku bw’uwurongoye umugambwe CNDD-FDD

Ubumenyi butangwa mu mashure nta co bumariye igihugu. Ivyo vyemezwa n’umunyamabanga mukuru w’umugambwe uri ku butegetsi, CNDD-FDD. Hari imbere y’urwaruka rushika 203 rwo mw’ishirahamwe rijejwe umutekano Eagle Security Services, inyuma y’amezi atandatu bariko baronswa ubumenyi muri ico gisata. Révérien Ndikuriyo akaba yatanze akarorero k’icigwa c’ibiharuro kugira yerekane ko ata co kimaze.