Uguheba kw’abanyeshure mu mashure ni ikibazo gikomeye ahanini giterwa n’ubukene bwugarije imiryango. Ivyo bikaba bishikirizwa na Libérat Ntibashirakandi, umushakashatsi mu gisata c’indero. Akaba abishikirije inyuma y’aho mu ntara nka zose z’Uburundi hari ibitigiri vy’umurengera vy’abana baheba amashure, imbere y’uko umwaka w’ishure uhera. Ku bwiwe, abona ko leta ikwiye gufata ingingo zimwe zimwe zotuma abanyeshure bashiramwo inguvu mu kwijukira amashure. Aha avuga nko kugarukana umutekano mu gihugu cose no kugabanya abanyeshure biga ari benshi mu mashure.
Amakuru
30 décembre 2021