Amakuru
10 mai 2024

Ubukene buri mu Burundi bushobora kutorohereza rusansuma igiye kuba (N. Ndayishimiye)

Rusansuma iriko irategurwa irimwo utubazo dushingiye ku bukene busanzwe buri mu gihugu bufatiye kw’ikena ry’ibitoro hamwe n’ikena ry’umuyagankuba mu bice vyinshi vy’igihugu. Ivyo bikazoshobora gutuma abazokora urwo rusansuma biyunguruza n’amaguru. Bivugwa na Nicolas Ndayishimiye, arongoye ibiro bijejwe rusansuma. Akavuga ko kw’igenekerezo rya 15 Rusama ari ho bazoba bahejeje imyiteguro yose.