Amakuru
31 mars 2023

Ubuhinga bwa none mu rudandazwa buzofasha mu guteza imbere ico gisata c’ubutunzi n’intwaro ibereye

Ugukoresha ubuhinga bwa none mu Burundi kuri mu bishobora kugarukira ubutunzi mu Burundi. Bivugwa na Olivier Suguru, arongoye ishirahamwe ry’abarwizatanga mu Burundi (CFCIB). Hari mu nama yahuje aberwa n’ikibazo c’ubutunzi kuri uyu wa 30 Ntwarante. Olivier Suguru yamenyesheje ko ubuhinga bwa none butuma abantu bashobora gutanga amakori n’amatagisi batabanje kuja kubonana n’abatozakori, kandi ngo n’ivy’ibiturire bizogabanuka.