Amakuru
20 octobre 2021

Ubuhinga bwa none bushasha mw’ihanahana ry’amafaranga hagati y’amabanki n’amaposita

Ama Banki be na Posita mu Burundi bigiye guhanahana amafaranga vyoroshe hakoreshejwe ubuhinga bwa none. Jean Bosco Ndikumana, ajejwe ivyo guhanahana amafaranga muri banki nkuru y’igihugu (BRB), amenyesha ko ubwo buryo buzotuma guhanahana amafaranga vyahora bimara iminsi ishika kuri 5, ubu bizoba ku munsi umwe gusa. Yabivuze mw’itangazo Ibanki nkuru y’igihugu yasohoye ku wa mbere igenekerezo rya 18 Gitugutu uno mwaka.