Amakuru
22 février 2024

Ububirigi butegerezwa gufasha kugira abatoteza Abatutsi muri Congo bakurikiranwe (I. Kamanzi)

Ububirigi buhamagarirwa kwerekana neza aho buhagaze hanyuma bugafasha gutorera inyishu irama amabi y’agahomerabunwa ariko akorerwa Abanyecongo bavuga ikinyarwanda mu buseruko bwa Congo. Ako kamo gaterwa n’ishami ry’i Buraya ry’ishirahamwe Isoko mw’ikete ryandikiye umushikiranagnji w’Ububirigi Alexander de Croo. Irène Kamanzi, aserukira iryo shirahamwe riharanira gukingira Abatutsi bo muri Congo, asaba ko hashirwaho Sentare idasanzwe ikurikirana abakora ayo mabi. Ku bwiwe, Abanyecongo bategerezwa kubana mu mahoro mu budasa bwabo.