Amakuru
16 février 2023

Ububiko bw’igitoro kizorenza amezi atandatu buzoboneka kuva mu kwezi kwa Ntwarante

Kuva mu kwezi kwa Ntwarante, Uburundi buzoba bufise ububiko bw’igitoro kirenza amezi atandatu. Ivyo vyamenyeshejwe n’umuyobozi mukuru wa REGIDESO. Yabivugiye mu kiganiro yari yahaye abamenyeshamakuru ku munsi wa kabiri kugira ngo ahumurize abanyagihugu ko igitoro cabonetse. Akaba yari yemeje ko kuva kuri uwo munsi nyene, igitoro categerezwa gutangwa, inyuma y’iminsi casa n’icabuze burundu. Jean Albert Manigomba yavuze ko imvo ari kubera amakamyo yari kugikura i Dar es Salaam hari icuma zari zabuze.