Amakuru
1 avril 2022

Turashobora gukuraho amajambo « igihugu ca mbere gikenye » mu mwaka umwe

Mu mpera z’umwaka w’2022-2023, ngo Uburundi buzoba bwasezeye ubukene. Ivyo nivyo umukuru w’Igihugu Evariste Ndayishimiye yiyemeje. Yabishikirije mu masengesho yateguwe n’umugambwe CNDD-FDD ku munsi wa kane. Ku bwa Evariste Ndayishimiye, Uburundi bugeze ku ntambwe itangaza amakungu yose.