Amakuru
26 mars 2024

Tshisekedi, Ndayishimiye na FDLR bahuzwa n’urwanko rufatiye ku bwoko (Paul Kagame)

Evariste Ndayishimiye yarabeshe Paul Kagame amwemeza ko ata basoda ariko arungika kugwana ku ruhande rw’igisirikare ca Congo. Ivyo bivugwa n’umukuru w’Igihugu c’Urwanda aho avuga ko yihamagariye we nyene umukuru w’Igihugu c’Uburundi kugira abimwibarize. Paul Kagame yabivuze mu kiganiro yagiranye n’ikimenyeshamakuru Jeune Afrique. Akavuga ko ivyo Tshisekedi ariko akorana na Ndayishimiye hamwe na FDLR bishingiye ku moko. Aho yariko yishura ku kibazo c’ivyoba vyatumye imigenderanire y’Uburundi n’Urwanda itituka.