Amakuru
6 janvier 2022

Tanzaniya yategerezwa kwubaha amasezerano yashizeko umukono mu gukingira impunzi

Imirima y’impunzi z’Abarundi bari mw’ikambi ya Nyarugusu mu gihugu ca Tanzaniya yaraye itemaguwe n’igipolisi c’ico gihugu. Bivugwa na Léopold Sharangabo, icegera c’uwurongoye Urunani rw’Abarundi baharanira agateka ka zina muntu mu makambi y’impunzi (CBDH/VICAR). Avuga kandi ko atari ivyo vyonyene bononye, ko baciye baja mu gasoko aho izo mpunzi zidandariza utuntu duto duto barabomora utuzu badandarizamwo bababwira ko izo mpunzi zitemerewe kurema isoko. CBDH/VICAR irasaba leta ya Tanzaniya kwubahiriza amategeko yo ubwayo yashizeko umukono igasaba na HCR kuva mu gacerere igakingira impunzi ayo mabi.