Amakuru
31 mars 2022

Tanzaniya niyo izobazwa amabi akorerwa impunzi ziri ku butaka bwayo

Impunzi z’Abarundi ziri mu gihugu ca Tanzaniya ngo zirabandanya guhohoterwa na Leta y’ico gihugu. Bishikirizwa na Léopold Sharangabo, icegera c’uwurongoye Urunani rw’Abarundi baharanira agateka ka zina muntu baba mu makambi (CBDH/VICAR). Léopold Sharangabo amenyesha ko abategetsi ba Tanzaniya bakoresha igipolisi n’Abasungusungu mu kubuza izo mpunzi gukora ibikorwa vy’ukuziteza imbere. Ivyo Léopold Sharangabo abishikirije inyuma y’aho kuri uyu wa kabiri, igipolisi ca Tanzaniya n’urwaruka rw’umugambwe uri ku butegetsi bazindutse batemagura ibitoke n’iyindi mirima y’izo mpunzi mw’ikambi ya Nduta.