Amakuru
25 janvier 2024

Taha mwiryamire, nta kintu na kimwe kizorengana imipaka yacu (Paul Kagame)

Nta ruhusha tuzosaba uwo ari we wese kugira twirwanire. Ivyo vyashikirijwe na Paul Kagame, umukuru w’Igihugu c’Urwanda. Aho hari ku munsi wa kabiri i Kigali, aho yariko yugurura ibikorwa vy’ibiganiro vy’igihugu. Akaba yariko yishura ku majambo yise ibitutsi amaze iminsi ashikirizwa n’abakuru b’ibihugu vy’Uburundi na Congo, Evariste Ndayishimiye na Félix Tshisekedi. Ndayishimiye aho aherukiye kuvuga ko azofasha Abanyarwanda kwikura ubutegetsi bwabo bubi, Tshisekedi na we akavuga ko azokura igihugu c’Urwanda kw’ikarata y’isi. Paul Kagame ati, n’aho atihuse kubishura, bazoteba babone ko bihenze kandi cane.