Amakuru
15 mars 2024

SOS-Torture ibona ko icuka c’imbere y’amatora kitifashe neza mu Burundi mu vy’intwaro n’imibano

Ishirahamwe SOS-Torture Burundi ryaraye risohoye icegeranyo kijanye n’ingene ibintu vyifashe mu vy’intwaro n’imibano. Ico cegeranyo co kuva mu kwezi kwa Munyonyo 2023 gushika muri Ruhuhuma 2024, ni icegeranyo cihariye kubera amatora yo mu mwaka w’2025 amatora y’abashingamateka n’ay’umukuru w’Igihugu yo mu 2027. Denis Ndayishemeze, umuvugizi wa SOS-Torture Burundi, akabona ko umugambwe uri ku butegetsi ari wo wonyene wiharije urubuga rwa politike mu gihe imigambwe itavuga rumwe n’uwuri ku butegetsi yakumiriwe, abanyepolitike batavuga rumwe na leta na bo barangazwa. Denis Ndayishemeze aravuga icokorwa kugira ico cuka kibi kigabanuke.