Amakuru
10 janvier 2023

Sixte Vigny Nimuraba yaraye yizewe n’Inama nshingamateka ngo abandanye arongoye CNIDH

Abahutu 3 n’abatutsi 2 ni bo baraye batowe n’Inama nshingamateka ngo baje mu murwi w’igihugu wigenga uraba agateka ka zina muntu. Hari mu ngoro y’amakoraniro mu Kigobe kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 9 Nzero. Uwo murwi ngo ugiye kurandurana n’imizi ihonyangwa ry’agateka ka zina muntu mu Burundi.