Amakuru
22 janvier 2024

Si vyiza ko umukuru w’Igihugu avuga amajambo mabi atuka mugenzi we w’igihugu kibanyi (CFOR-Arusha)

Imbere y’uko atosora akatsi kari mu jisho ry’umukuru w’Igihugu c’Urwanda, umukuru w’Igihugu Evariste Ndayishimiye yari akwiye gutangura gukura ingiga iri mu ryiwe. Bivugwa na Frédéric Bamvuginyumvira, arongoye urunani CFOR-Arusha. Ahanura umukuru w’Igihugu c’Uburundi gucisha mu biganiro ibibazo vyose yoba afitanye na mugenzi we w’igihugu c’Urwanda.