Amakuru
16 avril 2024

Si leta yategerezwa gushinga amafaranga abipfuza kwitoza bategerezwa gutanga (F. Bamvuginyumvira)

Kwubahuka kuvuga ko imiliyoni 100 ari amafaranga make ni ugushinyagurira Abarundi. Ivyo binegurwa na Frédéric Bamvuginyumvira, arongoye urunani rw’imigambwe CFOR-Arusha. Ivyo akabivuga inyuma y’aho umushikiranganji w’Intwaro yo hagati mu gihugu avugiye ko ku mukandida yipfuza kwitoza mu kibanza c’umukuru w’Igihugu ayo mafaranga azomworohera kwegeranya. Frédéric Bamvuginyumvira akabona ko ari uburyo bushasha bwo gukumira abandi Barundi, akanavuga ko ahubwo urugero rw’amafaranga yotangwa atari leta yotegerejwe kuyagena.