Amakuru
12 mai 2023

Sentare y’akarere ka EAC yarerekanye ko CNDD-FDD yahonyanze amategeko mu kwiha ikiringo ca 3

Abarundi bahamagarirwa guhagurukira rimwe bagasaba ko urubanza rwaciwe na Sentare ya EAC rushirwa mu ngiro. Bivugwa na Epitace Nshimirimana, umuvugizi w’umugambwe MSD. Ku bw’uwo mugambwe, urwo rubanza rwaciwe na Sentare y’akarere ka EAC rwarerekanye ko CNDD-FDD yahonyanze amategeko mu kwihagira ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza.