Amakuru
4 janvier 2023

Sentare mpuzamakungu mpanavyaha nta gikorwa cayo kikiraba Uburundi

Uburundi ntibukiri muri Sentare mpuzamakungu mpanavyaha, ibikorerwayo ntibiraba Uburundi. Bivugwa n’umukuru w’Igihugu Evariste Ndayishimiye. Hari mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru n’abanyagihugu ku wa 30 Kigarama umwaka uheze. Umukuru w’Igihugu amenyesha ko ivyaha bikorerwa mu Burundi bihanwa n’amasentare yo mu gihugu.