Amakuru
26 août 2023

Rwasa asaba umushikiranganji w’Intwaro yo hagati mu gihugu kutivanga mu bikorwa vy’umugambwe CNL

Agathon Rwasa arongoye umugambwe CNL ahamagarira inyankamugayo kwitegurira ikoraniro kaminuza ry’umugambwe ritegekanijwe mu minsi iri imbere, ariko akaba atavuga isango rizoberako. Ivyo yabivuze kuri uno wa kane mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru, aho avuga ko kazoba ari ko karyo konyene ko gutorera umuti ibibazo bihanze umugambwe. Asaba umushikiranganji w’Intwaro yo hagati mu gihugu kutagira aho ahengamiye, mu matati ari hagati y’abanywanyi b’umugambwe CNL.