Amakuru
25 janvier 2021

Révérien Ndikuriyo yaratowe kuba umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD-FDD

Révérien Ndikuriyo niwe yaraye atowe kuba umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD-FDD mw’ikoraniro kaminuza ridasanzwe ry’uwo mugambwe ryabereye mu ntara ya Gitega, ku murwa mukuru wa politike  kuri uyu w’Imana, igenekerezo rya 24 Nzero. Uwo agiye kuramutswa umugambwe uri ku butegetsi, akaba yemereye abagumyabanga ba CNDD-FDD kubandaniriza ikivi aho uwo yasubiriye yari akigejeje.