Amakuru
5 janvier 2024

Révérien Ndikuriyo abona ko Uburundi budakeneye abantu bize kaminuza, bukeneye abize imyuga

Uburundi ntibukeneye abantu bize kaminuza, bukeneye abize imyuga. Ivyo bivugwa na Révérien Ndikuriyo, umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD-FDD. Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru ku munsi wa kabiri, Ndikuriyo we abona ko abo bize amashure menshi ata co bamariye kandi ata co bazokwigera bamarira igihugu. Agahamagarira Abarundi kugwiza amashure y’imyuga gusa.