REGIDESO ngo igiye gukorana n’ubushikiranganji bw’Amagara y’abantu kugira ihe amazi abanyagihugu bayakeneye cane. Jean Albert Manigomba, arongoye iryo shirahamwe, avuga ko iyo ngingo yafashwe kubera akaranda bita Monkeypox kateye mu gihugu. Akamenyesha ko bazohera ku bice bitagira amazi, ariko rero ngo ico gikorwa nticoroshe kubera gisaba uburyo bwinshi.
Amakuru
31 juillet 2024