Amakuru
5 janvier 2023

REGIDESO iremera gutanga amazi ashoboka kandi kwa gusa mu guhangana n’ikiza ca Choléra

Ishirahamwe REGIDESO ryemeza ko rigiye gukora ico rishoboye cose ngo rigwize amavomero y’amazi muri kino gihe havugwa ikiza ca choléra, kandi ayo mazi akaba aya gusa. Jean Albert Manigomba arongoye REGIDESO, avuga ko mu ngingo zabaye zirafatwa harimwo ukugwiza amabombo rusangi kandi abanyagihugu bakaronka amazi ku buntu. Akemera kandi ko amazi asanzwe ari make mu gisagara ca Bujumbura baravye abantu bayakeneye.