Amakuru
9 septembre 2023

REGIDESO igiye gushira umuyagankuba ahari amazi ava mu kuzimu kugira hakore amasaha 24 kuri 24

Inyuma y’aho choléra itereye, umushikiranganji w’Intwaro yo hagati mu gihugu, yagize urugendo mu ma karitiye atandukanye agize igisagara ca Bujumbura, ku munsi wa gatatu, mu ntumbero yo kuraba aho igikorwa co gutanga amazi ava mu kuzimu bita Forage kigeze. Martin Niteretse yaciye amenyesha ko REGIDESO igiye guha umuyagankuba amamoteri aduza ayo mazi.