Amakuru
2 août 2024

REGIDESO igiye guhindura ibikoresho bitwara amazi kugira ishobore kuyatanga neza (J.A. Manigomba)

Ugusaza kw’ibikoreshwa mu gutwara amazi gutuma bigora kuyatanga. Ariko Jean Albert Manigomba, umuyobozi mukuru wa REGIDESO atanga icizere ko ibintu bigiye guhinduka. Amenyesha ko ivyo bishaje bigiye gusubirizwa n’ibindi bishasha biheruka gushika muri iryo shirahamwe. Jean Albert Manigomba avuga ko ibisagara vya Bujumbura na Gitega ari vyo bizotangura kuronswa ayo mazi. Yabivugiye mu kiganiro ku munsi wa kane yahaye abamenyeshamakuru inyuma y’urugendo yagize mu bibanza bikwega amazi.