Amakuru
22 novembre 2021

Raphaël Irangarukiye, uwundi yiyongera ku rutonde rw’ababuzwe irengero mu Burundi

Kw’igenekerezo rya 12 Munyonyo 2020, niho Raphaël Irangarukiye, ava muri zone Buhoro komine Mabayi mu ntara ya Cibitoke yaburwa irengero aho yari yagiye guhura n’umugenzi wiwe Dieudonné Bimenyimana kuri COTEBU i Bujumbura. Bishikirizwa na Pacifique Nininahazwe, yatanguje isekeza Ndondeza. Pacifique Nininahazwe aratangazwa n’ukuntu umurwi CNIDH watangaje ko mu 2020 ata muntu n’umwe yabuzwe irengero ngo kandi muri Ndondeza bafise amazina y’abantu bagera hafi kuri 40 babuzwe irengero kandi vyamenyeshejwe uwo murwi nyene. Agasaba abategetsi b’Uburundi kwerekana ivyashikiye Raphaël Irangarukiye no gukora uko bashoboye kugira bahagarike iryo nyuruzwa ridasiba kwibonekeza.