Amakuru
10 juin 2021

Pierre Nkurunziza yaharanira ko abantu bose bagira uburenganzira bungana bwo kuja mu nzego ziserukira abandi

Pierre Nkurunziza yahoze aramutswa Uburundi yaharanira ko abantu bose bagira uburenganzira bungana bwo kuja mu nzego ziserukira abandi. Vyavuzwe n’umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye kuri uyu wa 08 Ruheshi umunsi wo kuganduka ubwa nyuma ku muhisi Petero Nkurunziza. Ivyo ngo akaba yabikora kugira igihugu c’Uburundi gisubirane izina ryiza mu makungu mu gihe we yari yashitse ku butegetsi igihugu carasinzikajwe n’intwaro mbi mu bisata vyose vy’igihugu.