Amakuru
10 juin 2021

Petero Nkurunziza yakumiriye mu nzego ubwoko bw’abatutsi n’abahutu batamugiye inyuma

N’aho Evariste Ndayishimiye ngo yavuze ko Petero Nkurunziza yarwanije amacakubiri, muri Ligue Iteka babona nyabuna ko yakumiriye mu nzego ubwoko bw’abatutsi n’abahutu batamugiye inyuma. Anschaire Nikoyagize, arongoye Ligue Iteka, amenyesha ko ibice 95% vyiganziwe n’ubwoko bw’abahutu mu nzego. Ku bwiwe, ngo intwaro y’umuhisi Petero Nkurunziza yaranzwe kandi n’ubwicanyi butagira izina.