Inyuma y’aho umunyepolitike Pancrace Cimpaye yahora mu buhungiro atahukiye mu gihugu c’Uburundi, umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano Petero Nkurikiye ahamagarira Abarundi bose bahungiye mu bihugu bitandukanye gutahuka mu gihugu cabo. Ivyo Petero Nkurikiye akaba yabivuze aho yari yatumiwe mu kiganiro « Ku nama » ca Radiyo Isanganiro. Petero Nkurikiye akaba avuga ko umurundi wese afise uburenganzira bwo gutaha harimwo n’abafise imitahe, ariko abo ngo babwirizwa kwitaba ubutungane.
Amakuru
13 juillet 2021