Abarundi baribuka kuri uyu wa 28 Myandagaro, imyaka 23 iheze hatewe umukono ku masezerano y’amahoro no kunywanisha Abarundi y’i Arusha. Ishirahamwe PARCEM ryishinze gukangurira Abarundi guhindura ingendo, ribona ko hakwiye isuzumwa ry’ishirwa mu ngiro ry’ayo masezerano y’i Arusha. Faustin Ndikumana, arongoye PARCEM ku rwego rw’igihugu, abona ko indyane za politike, ugukumirana mu nzira zose, vyari gukurwaho n’ayo masezerano y’i Arusha, bikihari n’uno munsi. Ivyo na vyo ngo ni intambamyi nini kw’iterambere Uburundi bwipfuza gushikako.
Amakuru
29 août 2023