Amakuru
20 octobre 2022

PARCEM isaba leta kwitondera ingingo isaba kwubahiriza hose ibiciro vy’ibinyobwa vya BRARUDI

Ingingo iherutse gufatwa na leta yo kunganisha ibiciro vy’ibinyobwa vya BRARUDI ku bunywero bwose bw’igihugu ngo ni iyo kwitonderwa kuko ubunywero bwose butari ku rugero rumwe. Uko ni ko bisigurwa n’ishirahamwe PARCEM rikangurira Abarundi guhindura ingendo. Faustin Ndikumana, arongoye iryo shirahamwe, abivuga inyuma y’aho umushikiranganji wa Mbere Gervais Ndirakobuca agabishije ko ata wohirahira ngo asubire kurenza ku biciro vyashinzwe na leta, haba mu bubare bubayabaye canke ubwa kijambere.