Amakuru
19 décembre 2023

PARCEM isaba leta kwirinda gukoresha nabi amafaranga no kurushiriza kurwanya igiturire

Isubirwamwo ry’ukungene amafaranga ya leta azokoreshwa nta co rizovamwo mu gihe leta itaretse gukoresha nabi amafaranga canke ngo irwanye koko ba kaboko. Uwo ni umwihwezo wa Faustin Ndikumana, umuhinga mu vy’ubutunzi, akaba anarongoye ishirahamwe PARCEM. Ivyo abivuze mu gihe Inama y’abashikiranganji iherutse gufata ingingo yo guhagarika ibikorwa bimwe bimwe kugira igabanye ibibazo ku mafaranga yateguwe gukoreshwa. Faustin Ndikumana ahanura leta kwisunga icegeranyo giheruka gusohorwa n’abahinga, hanyuma igashiraho politike y’ingene hokwinjira amafaranga y’agaciro uno munsi igihugu gikeneye cane.