Amakuru
3 mai 2024

PARCEM isaba leta gutorera umuti ikibazo c’ubushomeri bwabaye ndanse mu gihugu

Ishirahamwe PARCEM riratewe umutima uhagaze n’ingene ubushomeri buguma bwiyongera mu gihugu. Ubwo na bwo bukaza bwiyongera ku bibazo vy’amashirahamwe ya reta muri kino gihe agoyagoya. Iryo shirahamwe rikaba ribivuze mu gihe Uburundi bwaraye bwifatikanije n’amakungu mu guhimbaza umunsi mukuru mpuzamakungu wahariwe abakozi n’akazi. Faustin Ndikumana, arongoye PARCEM, abona ko leta yari ikwiye kureka kwivanga mu bikorwa bimwe bimwe vyagenewe abikorera utwabo, ikongera ikorohereza abarwizatunga bazanye imitahe yabo mu gihugu, gutyo ubushomeri bwogabanuka kuko baheza bagatanga akazi.