Uburundi bukeneye leta igizwe n’abantu bafise ubuhinga n’ubushobozi bwo gutorera inyishu ibibazo bihanze igihugu na cane cane ivyerekeye ubutunzi, intwaro ibereye n’ubutungane. Ivyo bivugwa na Faustin Ndikumana, arongoye ishirahamwe PARCEM, akabivuga afatiye ku bashikiranganji bane baherutse gukurwa mu mabanga yabo bagasubirizwa n’abandi. Faustin Ndikumana abona ko ari ngombwa ko abashikiranganji bakwiye gukora mu ntumbero nshasha y’intwaro ibereye, kandi bagatanga ibimenyetso vyerekana ko bashitse kw’ihangiro.
Amakuru
6 octobre 2023