Amakuru
13 avril 2024

PARCEM isaba ko inyishu zose zokwumvikanwako ku bijanye n’integuro y’amatora yimirije mu Burundi

Inzego zose vyerekeye zategerezwa kuja hamwe zigafata ingingo zumvikanyweko, kugira ngo zirinde ivyo vyose vyoshobora gutera uruhagarara mu matora yimirije. Ako kamo gaterwa n’ishirahamwe PARCEM. Ni inyuma y’aho Inama nshingamateka yemereye integuro y’itegeko rizogenga ayo matora. Bimwe mu vyokorwa kugira ngo ayo matora azogende neza, Faustin Ndikumana, arongoye ishirahamwe PARCEM, asaba ko ingene amatora aba ariko aragenda vyokorwa n’ubuhinga bukwiye kandi bikaza birashirwa ahabona, hanyuma abajejwe intwaro, abapolisi, n’urwaruka ruhurukiye mu migambwe ntibaze barivanga mw’itunganywa ry’amatora. Faustin Ndikumana asaba kandi leta ko yokwemera ikorohereza akazi k’abarorerezi mpuzamakungu, kugira ngo ayo matora azobe amatora yizewe na bose.