Amakuru
10 juillet 2024

PARCEM isaba ko intwaro nziza yoba inkingi, inyuma y’urugendo rw’abaserukira Ibanki y’isi

Inyuma y’urugendo rw’intumwa z’Ibanki y’isi mu Burundi, ishirahamwe PARCEM rihamagarira leta y’Uburundi gutsimbataza inzego zayo zose. Faustin Ndikumana, arongoye PARCEM ku rwego rw’igihugu, arerekana akamaro ko gusubiza isura nziza igihugu, mu gihe n’Ibanki y’isi igiye kubandanya ifasha Uburundi mu bijanye n’imigambi. Faustin Ndikumana agasaba kandi leta guha amabanga abantu babikwiriye bashobora kuyifasha gushika kw’iterambere.