Amakuru
9 mars 2024

PARCEM isaba ko hoba umugambi uteza imbere umukenyezi na cane cane umwirimizi

Ishirahamwe PARCEM ryishinze gukangurira Abarundi guhindura ingendo kugira bashike kw’iterambere rirama, ribona ko hakwiye gushirwaho umugambi w’igihugu wo guteza imbere umukenyezi w’Umurundi na cane cane umukenyezi w’umwirimizi. Akamo gatewe mu gihe Uburundi n’amakungu bariko barahimbaza umunsi mpuzamakungu wahariwe umukenyezi. Faustin Ndikumana, arongoye ishirahamwe PARCEM, atera akamo abakenyezi kurengera ivyo vyose bibatandukanya, bagakora bafatanye mu nda mu gikorwa co guharanira agateka kabo.