Amakuru
9 décembre 2023

PARCEM isaba ko hashirwaho umugambi utomoye uzana impinduka mu bijanye n’ubutunzi

Ishirahamwe PARCEM risaba abarongoye igihugu gufata mu maguru masha ingingo zogarukira ubutunzi bw’igihugu. Mu kiganiro n’abamenyeshamakuru ku munsi wa kane ku bijanye n’icegeranyo giherutse gusohorwa n’ibanki BRB n’icegeranyo c’ikigo PEFA, Faustin Ndikumana, arongoye ishirahamwe PARCEM, arababazwa n’ukubona igihugu kironka umwimbu muke cane mu mezi icenda aheze ugereranije n’ibindi bihugu vyo mu karere.