Amakuru
1 février 2024

PARCEM isaba ikoreshwa neza ry’amafaranga aherutse gutangwa n’Ibanki y’isi yose

Imfashanyo igera ku mamiliyoni 140 z’amadolari y’Abanyamerika igiye gutangwa n’Ibanki y’isi ku Burundi ikwiye gukoreshwa ico yagenewe mu kwubaka ingomero n’ibindi bitegekanijwe. Ako ni akamo gaterwa na Faustin Ndikumana, arongoye ishirahamwe PARCEM. Uretse gutera akamo leta ngo izokoreshe neza ayo mafaranga, Faustin Ndikumana asaba ko ayo mafaranga aje gusahiriza amafaranga y’agaciro asanzwe akenye, yokoreshwa neza n’Ibanki nkuru kugira ntihagire abarwizatunga n’abategetsi basubira kuyakoresha uko bashatse.