Amakuru
22 décembre 2023

PARCEM iriyamiriza itozwa ry’amafaranga yo gutunganya igikorane c’umuryango w’umukuru w’Igihugu

Nta mutegetsi n’umwe arekuriwe gutoza amafaranga abanyagihugu yitwaje ngo n’ayo kurangura ibikorwa ibi na biriya. Ico gikorwa cagenewe ikigo kijejwe kwegeranya amakori n’amatagisi OBR. Ivyo bivugwa na Faustin Ndikumana, arongoye ishirahamwe PARCEM. Ni inyuma y’aho buramatari w’intara ya Cankuzo asohoreye urwandiko rutegeka abakozi ba leta, abikorera utwabo gushika ku munyagihugu muri iyo ntara gutanga intererano yo gutegura igikorane c’umuryango w’umukuru w’Igihugu kizosozera umwaka. Faustin Ndikumana avuga ko buramatari w’intara ya Cankuzo yahonyanze amategeko harimwo n’itegeko ryo kurwanya ibiturire.