Amakuru
31 juillet 2024

PARCEM irashimishwa n’ingingo y’Ibanki nkuru kw’ikoreshwa ry’amafaranga y’agaciro

Abarundi ubu bararekuriwe kwugurura no gukoresha ama comptes y’amafaranga y’agaciro, n’ugushobora kuyabitsa, kuyabikuza no kuyarungika hanze y’igihugu uko bavyipfuza. Ingingo ikaba yafashwe n’Ibanki nkuru y’igihugu, BRB. Mw’itangazo yashize ahabona ku munsi wa kabiri, iyo ngingo nshasha ivuga ingene amafaranga y’agaciro akoreshwa, iraha amahirwe abaja kwivuza mu mahanga n’abanyeshure biga hanze. Abo na bo bashobora gusaba amafaranga y’agaciro ata kibazo ku mabanki bafisemwo ama comptes. Iyo ngingo y’Ibanki nkuru y’igihugu iremerera abasaba ingurane mu mafaranga y’agaciro mu mabanki, ariko bigakorwa ku migambi y’iterambere izozana amafaranga y’agaciro mu gihugu. Faustin Ndikumana, arongoye ishirahamwe PARCEM ku rwego rw’igihugu, arashima iyo ngingo ijanye n’ikoresha rishasha ry’amafaranga y’agaciro yafashwe n’Ibanki nkuru. Ariko asaba ko n’abanyamahanga bokworoherezwa kugira barushirizeho kuzana amafaranga y’agaciro.