Amakuru
10 août 2024

PARCEM irashima umwidegemvyo mu rudandazwa rw’isukari n’amafaranga y’agaciro

Ishirahamwe PARCEM rirashima ingingo yaraye ifashwe na leta yo gutanga umwidegemvyo mu rudandazwa rw’isukari. Faustin Ndikumana, arongoye iryo shirahamwe, avuga ko bizotuma isukari iboneka ku giciro kijanye n’ingene kw’isoko bizoba bimeze kuko abadandaza bazohiganwa bayikuye mu bihugu bitandukanye. Faustin Ndikumana arashima kandi ingingo yo gusubira gutanga umwidegemvyo wo kurekurira gukora amazu adandaza amafaranga y’agaciro. Ivyo ngo bizotuma imyidogo yahora mu bagwizatunga igabanuka.