Amakuru
10 octobre 2023

PARCEM iranegura ingene ibiro vy’umukuru w’Igihugu vyivanga mu bikorwa vy’Ibanki nkuru BRB

Ibiro vy’umukuru w’Igihugu n’ibiro vy’iperereza ntivyategerezwa kwivanga mu kazi k’Ibanki nkuru y’igihugu. Ivy’iyo banki vyategerezwa kubazwa ubushikiranganji bw’Ikigega ca leta. Ivyo bivugwa na Faustin Ndikumana, umuhinga mu vy’ubutunzi akaba anarongoye ishirahamwe PARCEM ryishinze gukangurira Abarundi guhindura ingendo. Akabivuga afatiye kw’ikurwa ry’uwahora arongoye iyo banki Dieudonné Murengerantwari, yabogojwe yagirizwa gutunganya nabi ibikorwa vy’iyo banki. Faustin Ndikumana avuga ko imbere yo kumukura mu mabanga yiwe, hari kubanza kuba amatohoza akomeye ku vyo yagirizwa.