Amakuru
2 février 2024

PARCEM ibona ko isoko ry’amafaranga rizogira akamaro mw’iterambere ry’Uburundi

Isoko ry’amafaranga leta iheruka gushinga hamwe ryotunganywa neza ryogirira akamaro igihugu mu bijanye n’iterambere kuko rituma abanyamitahe bashaka kugurisha canke abashaka kugura babonana amaso mu yandi. Ivyo bivugwa na Faustin Ndikumana, arongoye ishirahamwe PARCEM, aho avuga ko abashaka kugura imitahe ngo barangure ibikorwa vy’iterambere bayironka bitarinze kubagora, ikindi ngo ni uko abantu bataba bacirukira amabanki yonyene. Faustin Ndikumana avuga ko kugira iryo soko rishobore gukora neza hakenewe ko haza harasuzumwa ingene ifaranga ritobandanya rita agaciro kuko abazana imitahe yabo baca bagira amakenga ko bohava bahomba.