Amakuru
17 mai 2024

PARCEM ibona ko abarwizatunga bakwiye kuronswa amafaranga y’agaciro kugira abashora hanze boroherwe

Abarwizatunga bashorera ibintu hanze barafise ishaka rinini ryo gukora, mbere bakanashobora no guhiganwa n’abandi barwizatunga bo mu bihugu vyo muri kano karere. Ivyo bivugwa na Faustin Ndikumana, arongoye ishirahamwe PARCEM, akaba hari inyuma y’aho kuri uno wa kabiri habaye inama rukokoma yo guhanahana ivyiyumviro hagati y’abarwizatunga bashorera ibintu hanze na leta, mu ntumbero yo kurabira hamwe ingene ibidandazwa bishorerwa hanze vyokwiyongera. Faustin Ndikumana abona ko n’aho hariho ishaka ry’abarwizatunga, leta itegerezwa gukura mu nzira inzitizi zihari. Avuga kandi ko abarwizatunga boronswa uburenganzira bwo kuronka amafaranga y’agaciro mu mabanki atandukanye, leta ikongera igahagurukira ikibazo gihambaye cane kijanye no kurya ibiturire.