Birababaje kubona leta ya Tanzaniya ifata iya mbere mu guhonyanga agateka k’impunzi mu gihe iri mu bihugu vyateye umukono ku masezerano yo gukingira impunzi. Bishikirizwa na Emery Pacifique Igiraneza, arongoye umuhari MAP-Burundi Buhire. Abivuze mu gihe kuva mu ndwi iheze igipolisi gifatanije n’abajejwe intwaro bariko basambura imirima y’impunzi z’Abarundi zahungiye muri Tanzaniya. Emery Pacifique Igiraneza akabifata nk’aho ari gushaka gutahukana izo impunzi ku nguvu. Aributsa ishirahamwe mpuzamakungu ONU na cane cane ishirahamwe HCR ko muvyo bajejwe harimwo guharanira no gukingira agateka k’impunzi.
Amakuru
13 janvier 2022